Uko wahagera

Kuki Impapuro z'Inzira Zitariko Ziratangwa Nkuko Vyahora mu Burundi?


Abakeneye impapuro z’inzira mu Burundi baridogera igipolisi kijejwe abinjira n’abasohoka mu gihugu ko kitariko kiraborohereza kugira baronke urwo rupapuro.

Uwurongoye ico gipolisi asigura ko muri ino misi abasaba impapuro z’inzira ari benshi cane bigatuma ibikorwa bitihuta nk’uko vyahora.

Amwe mu makuru atangwa n’abegereye ico gipolisi avuga ko izo mpapuro zoba ziriko zireka gutangwa kugira bazibire abashaka guhunga.

Kuki Impapuro z'Inzira Zitariko Ziratangwa nkuko Vyahora mu Burundi?
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:17 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG