Uko wahagera

Malawi: Bariyamiriza Ibiturire mu Rubanza rw'Ivyavuye mu Matora

Abanyagihugu mu myiyerekano i Lilongwe, biyamiriza abacamanza boba bariko barapfumbatishwa mu rubanza kuvyavuye mu matora. Lilongwe, Italiki 16/01/2020.
Abanyagihugu mu myiyerekano i Lilongwe, biyamiriza abacamanza boba bariko barapfumbatishwa mu rubanza kuvyavuye mu matora. Lilongwe, Italiki 16/01/2020.

Ibihumbi vy’abanyagihugu muri Malawi barihereje amabarabara ejo kuwa kane biyamiriza amakuru avugwa yuko abacamanza bariko bihweza ibirego mu vyavuye mu matora yo mu mwaka uheze boba bariko barapfumbatishwa ibiturire.

Abakuru b’imigambwe itavugarumwe n’ubutegetsi ivuga ko amatora yo mu kwezi kwa gatanu, yahaye manda ya kabiri Perezida Peter Mutharika yabayemwo ubusuma.

Mu kwezi kw’umunani niho barungika ibirego muri sentare ntahinyuzwa basaba ko ivyavuye muri ayo matora vyoteshwa agaciro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG