Uko wahagera

Khalifa Haftar Ntiyasinye Guhagarika Intambara muri Libiya


Khalifa Haftar, arwanya reta ya Tripoli muri Libiya.
Khalifa Haftar, arwanya reta ya Tripoli muri Libiya.

Jenerali Khalifa Haftar arwanya reta ya Tripoli yavuye i Moscou kuri uyu wa kabiri adasinye amasezerano yo kurangiza intambara imaze amezi icenda.

Uburusiya bwemeza ko yiyemeje kuzokwubahiriza agahengwe ko kuba barahagaritse imirwano.

Umushikiranganji w’Uburusiya ajejwe kwivuna abansi yashikirije ko Haftar yasavye imisi ibiri yo kubanza kwihweza neza ibiri muri ayo masezerano.

Haftar hamwe n’abamushigikiye bashitse i Moscou ku musi wa mbere mu biganiro na reta y’i Tripoli yemewe na ONU irongowe na Fayez al-Sarraj.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG